Ruziba : Abanyeshure 300 birukanwe bazira amajambo banditse kw’isanamu ya Petero NKURUNZIZA

0

Amashure atanu yose yo mu mwaka w’umunani kw’ishure shingiro ryo mu Ruziba, muri zone Kanyosha birukanwe bose bahorwa isanamu y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu bakoresha, iyo sanamu ikaba yatobaguwe amaso yongera yandikwako amajambo atyoza umukuru w’igihugu.

vya1

Amakuru ava mu Ruziba amenyesha ko abakozi b’igendereza aribo bamenye ko iyo sanamu y’umukuru w’igihugu yatobowe amaso, kandi ko hariko amajambo atyoza umukuru w’igihugu, baca babibwira ubuyobozi bw’iryo shure. Basanze ibitabu 30 kuri 40 ab banyeshure bakoresha handitsemwo amajambo atyoza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

vya2

Abo banyeshure basabwe kuvuga abanditse muri ivyo bitabu, nabo bavuga ko batabazi, haca hafatwa ingingo y’uko bose uko ari abanyeshure 300 birukanwa kuri iryo shure.

vya3