Gisa Stevo umumenyeshamakuru wa Buja Fm yatanganje benshi mu gushira ahabona indirimbo yakoranye na Kolly The Magic

0

Umumenyeshamakuru asanzwe akora ikiganiro c’inkino ku nsamirizi buja fm ariwe Gisa Stevo yatanganje bantu benshi mu gushira ahabona indirimbo yakoranye n’umuririmvyi akaba ari n’umuhinyanyuzi Kolly the magic
gisa stevo
Hari mu gatondo ko kuruyu wa mbere aho iyo ndirimbo bise”Uranyuzuza” bayishira ku mugaragaro,ibintu vyatanganje abantu benshi cane kubona uyo mumenyeshamakuru batari bazi ko asanzwe afise ingabirano yo kuririmba asohora indirimbo,indirimbo iryoshe cane,indirimbo yakiriwe neza n’abakunzi b’umuziki ndundi’indirimbo bise”Uranyuzuza”
Yumvirize hano: