UBM News ads

Ruyigi : Umwana w’imyaka umunani yishwe atemagujwe umupanga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umwana umwe niwe yapfuye atemagujwe umupanga ku musozi Nyamugari, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi, mu gitero cakozwe n’umuntu ataramenyekana ku rugo rw’umugore azwi kw’izina rya Fabiola NIYONZIMA.

Uwo mwana Jean de Dieu ITERITEKA w’imyaka umunani yatemagujwe umupanga mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere, aca yitaba Imana inyuma y’akanya gato. Umuvyeyi wiwe Fabiola NIYONZIMA nawe yarakomeretse bikomeye, akaba ariko avurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Ruyigi.

Fabien Tharcisse NTUKAMAZINA, Musitanteri wa komine Butaganzwa aremeza ayo makuru, akavuga ko amatati y’amatongo ariyo yoba ari inyuma y’ubwo bugizi bwa nabi bwahitanye ubuzima bw’umwana w’imyaka umunani.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments