Ruyigi : Umudandaza yategerewe n’abantu bitwaje inkoho

0

Abantu babiri bitwaje inkoho bategereye kuri uwu wa gatandatu umuntu yoba ari umudandaza yariko yerekeza kw’isoko ya Kayogoro, komine Gisuru, intara ya Ruyigi.

Abo bantu barakomerekeje uwo mugabo, bongera bamwiba amafaranga yari afise agera ku miriyoni cumi z’amarundi, nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro muri komine Gisuru.

Ubwo bugizi bwa nabi bwakorewe ku musozi Nyamigina, komine Kinyinya, intara ya Ruyigi.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Ruyigi bahamagarira abadandaza kwirinda kugenda ijoro hamwe n’uguhurumbira ubuhinga bugezweho bw’ukutagendana amafaranga mu mifuko iyo bariko baja kurangura canke gukora iyindi mirimo yabo iyariyo yose.