Karusi : Umugabo yishwe akubiswe ubuhiri

0

Ubugizi bwa nabi bwibonekeje mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, muri komine Bugenyuzi, intara ya Karusi, aho umugabo azwi kw’izina rya Ntirandekura Phibert yishwe akubiswe ubuhiri n’abantu gushika ubu bataramenyekana.

Abo bantu bakoze ubwo bwicanyi basanze uwo mugabo ku rugo iwe, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro.

Mu giporisi bemeza ko abantu babiri bikekwa ko aribo bagandaguye uwo mugabo aribo bamaze gufatwa, bikavugwa ko yoba yahowe uburozi yagirizwa.