Rutana : Abaganga batatu bakora hamwe bafashwe n’igiporisi

0

Abaganga batatu hamwe n’umunyezamu umwe bari mu minwe y’igiporisi kuva kuri uwu w’Imana, mu matohoza ariko arakorwa ku ruyoya rwanyurujwe rwari rurwariye ku bitaro bikuru vy’intara ya Rutana.

Urwo ruyoya rwari rwavutse rufise amagara atifashe neza, abaganga baca bafata ingingo y’ugushira umwo mwana mu cumba c’ukumwongerereza ingene ahumeka. Naho ico cumba uwo mwana yashizwemwo cinjirwa gusa n’abaganga hamwe n’abafasha babo, ntivyabujije ko urwo ruyoya ruhamara umwanya muto, kuko rwanyurujwe n’umuntu atazwi, ku munsi wa gatandatu mw’ijoro.

Igiporisi c’intara ya Rutana kimaze gutabazwa, amatohoza yaciye atangura uwo mwana aca atorwa mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, muri iyo ntara nyene, nko ku birometero bitatu vy’ahari ivyo bitaro.

Uwafatanwe urwo ruyoya bivugwa ko asanzwe afise uburwayi bwo mu mutwe, igiporisi kikaba caciye gifata abaganga batatu hamwe n’umunyezamu wo kuri ivyo bitaro. Abafashwe ni abari bakoze umunsi urwo ruyoya runyuruzwa, akaba aribo bariko bakorwako amatohoza.

Tubamenyeshe ko urwo ruyoya rwatowe rutakiriko rurahumeka.