Abarundi bari bagiye mu Buswisse bahisemwo kwinyegeza ntibatahe mu Burundi.

0

Abarundi bari bagiye mu mahwaniro y’akaranga mu gihugu c’Ubuswisse ku mugabane wa Buraya bahisemwo guca bahunga maze ntibasubira kuboneka ngo batahuke mu gihugu c’amavukiro Burundi, nk’uko ikinymakuru Edition Page Suite kibishira ahabona.

Ku bwa Edition Page Suite, uwo mugwi w’Abarundi wari wagiye muri ayo mahuriro y’akaranga yiswe Rencontres de folklore de Fribourg mu gihugu ca Suisse.

Ico kinymakuru kimenyesha ko abo barundi ‘baboneka mu ntango ko bishimiye kwitaba ayo mahwaniro, ariko vyagiye biragarara ko bagiye baragenda kamwe kamwe’, nk’uko la Liberte yabishize ahabona.

Igipolisi c’aho mkuri Suisse kikaba camenyeshejwe ivyerekeye abo barundi bahisemwo guca bahunga gusubira mu Burundi na rirya bari bahawe visa y’imisi mike aho muri Suisse.

Ivyo bibaye inyuma y’aho umurwi w’abaserukiye Uburundi mu mahiganwa y’ivya Robots muri leta Zunze Ubumwe za Amerika bahisemwo nabo guca banyika ntibemere gusubira mu Burundi.Aba n’abandi bakibaza igituma bakoresha ubwo buryo kugira bahunge igihugu.Ariko rero, ngo ntakabura imvo…

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!