Intamba mu rugamba wisubije agateka mu gutsindira Namibie iwabo

0

Umugwi nserukira gihugu w’uburundi intamba mu rugamba uhejeje kwisubiza agateka mu gutsinda umugwi wa namibie ibitsindo 3_1 iwusanze iwabo mu gihe nuyo mugwi wari watsinze intamba mu rugamba 3_1 mu rukino rwabereye i bujumbura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore
intamba mu rugamba wisubije agateka

Muri urwo rukino abakinyi ba ait abdelmalek bakaba barushije cane uyo mugwi wa namibie aho vyabonetseko bari bafise ishaka ryinshi ryo gutsinda uyo mugwi wa namibie

Abakinyi bashoboye gutangura ku ruhande rw’intamba mu rugamba ni:1. Nzokira Jef
2. Nshimirimana David
3. Nizigiyimana Abdoul karim Makenzi
4. Nsabiyumva Frederick
5. Nduwarugira Christophe
6. Kwizera Pierron
7. Papy Faty
8. Nahimana Chassir
9. Amissi Cedric
10. Ndikumana Yamin Selemani
11. Fiston Abdoulazak

Tworangiza tubamenyesha ko ibitsindo vy’intamba mu rugamba vyatsinzwe na Fiston abdoulazak 2 hamwe n’ikindi catsinzwe na Pierrot Kwizera