Hoba hamenyekanye uwavuze ko Big Fizzo yitavye Imana?

0

Nyuma yaho ku munsi w’ejo mu masaha yo kumugoroba bavugiye ko umuririmvyi w’umurundi Big Fizzo yoba yitavye Imana,vyamaze kumenyekana uwamenyesheje iyo nkuru y’ububeshi ko umuririmvyi w’umurundi,umwanditsi w’indirimbo ”Abisi”ko yitavye Imana

Abicishije ku rubuga rw’umugwi asanzwe arimwo wa wanajeshi kamili,Big Fizzo yamenyesheje ko uwanditse avuga ko yitavye Imana ari umuririmvyi mugenzi we w’umurundi,bigeze no kuririmbana indirimbo,umuririmvyi Afisa Raj bee,Big Fizzo akaba yandiste amajambo biboneka ko ashavuye cane.
big fizzo
Twobamenyesha ko Afisa Raj Bee nawe yagize ico avuga kubutumwa bwa Big Fizzo