Reta Nkozi: Umupolisi yirukanywe mu kazi kubera uguharika

0

Nk’uko bimaze imisi vyibonekza muri reta nshasha y’Uburundi irongowe na Varistio Ndayishimiye, hariko hirukanwa mu buzi abitwa ko ‘bacafuza reta y’Uburundi’.

Kuva havuzwe inkuru yo gufunga abasirikare nka bangahe bagirizwa kudandaza urumogi, ubu naho hari umpolisi yirukanwe mu kazi kiwe kubera uguharika.

Nk’uko bishirwa ahabona n’umuvugizi w’igipolisi, uwo mupolisi yirukanwe akaba ari OPC1 NIHORIMBERE Jean Claude maze akaba ari kubera kurongora umugore wa kabiri.

Nk’uko Petero Nkurikiye abivuga, uwo mupolisi NIHORIMBERE Jean Claude akaba yakoze ubukwe bwa kabiri mu ntara ya Bujumbura beshi bita rural maze amasanamu y’ubwo bukwe bwiwe arakwiragizwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi cane.

Uyo mupolisi akaba afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba aho yari yahagaritswe n’ubugenduzi bukuru bw’igipolisi.

Abatari bake barabona ko intwaro ya Varisto-Bunyoni-Ndirakobuca iriko igorora ivyo ‘Sekuru wabo’ atarangije akoze. weho niko ubibona?