Leta Nkozi irabandanya gufata abagizi banabi

0

Abantu bane barafashwe kur’uyu wa gatatu mwijoro bagirizwa kudandaza urumogi. Murabo harimwo abasirikare babiri baba caporal-chef, bakaba bafatiwe muri zone Buterere. Bakaba bari bafise imifuko ine y’urumogi bita cannabis.

Abo bantu bane bakaba bose bafungiwe mu gasho k’iperereza. Abakurikirana imbuga ngurukana bumenyi bagashima iyo ngendo ya Leta mvyeyi Leta Nkozi nkuko Umukuru w’igihugu mushasha w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, akaba yamenyesheje ko adashaka gukorera mu kajagari.

Abantu barenga 15 harimwo abapolise mu ntara ya Makamba nabo bakaba bariko baracibwa urubanza bagirizwa gukubagura no kugandagura abarundi bagiye gupagasa mu gihugu ca Tanzaniya hamwe n’abahunguka. Bakaba batazocibwa urubanza rw’ikibiriraho ariko bakazokumvirizwa na sentare imbere yo gukatirwa urubanza rubabereye, bakaba babasanganye abantu babiri bapfiriye munzi yumwe murabo.