Ihiganwa rya Miss Kugasaka ryateye impari

0

Inyuma yaho hahaze imyaka myinshi itatu atahiganwa ryabakobwa beza ribaye, intara ya Ngozi yaraye itunganije iryo higanwa kur’uyu wa gatandatu. Abantu benshi bakaba baraje kurorera ivyo birori naho havugwa ingwara ya coronavirus. Abakobwa indwi nibo bariko barahiganirwa kuba umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge.

Abakobwa batatu nibo batowe muriryo higanwa, uwambere akaba yabaye Noussaiba Hakizimana akaba yaronse amafaranga angana 500.000 Fbu yatanzwe n’ibanki FinBank, uwkabiri akaba yabaye Muhoza Landrine Kersy yaronkejwe amafaranga 300 000 Fbu yatanzwe n’ibanki BBCI, uwagatatu akaba ari Gahoza Sheila yaronse amafaranga 100.000 Fbu nayandi 200 000 Fbu kubera yabaye Miss Popularity yatanzwe n’ibanki Finbank.

Abari ku mbuga ngurukana bumenyi bakaba bashavuye cane bavuga kwayo mahera ari make uravye amabanki n’amahinguriro yari yaje gushigikira iryo higanwa. Ayo mabanki nayo akigovyora avuga ko yoyo yatanze amafaranga arenga ayo ko abatunganije iryo higanwa aribo bari gutanga amafaranga akwiye.

Mwebwe muvyiyumvira ko iki ?