‘Reta Mvyeyi’ na ‘Reta Nkozi’ ni iki?

0

Mu majambo yaranze cane imigambi y’umukuru w’igihugu c’Uburundi, haravuzwe cane amajambo nka ‘Samuragwa’, ‘Sogokuru’, ‘tuzogahinyura’ n’ayandi.

Ariko rero, hari amajambo benshi bacibaza ico asobanura yazananye n’intwaro ya Evariste Ndayishimiye nayo akaba ari ‘Reta Mvyeyi’ na ‘Reta Nkozi’.

Ku ntwaro ya ‘Sogo’ wiwe, hari amajambo ngo ‘Dukora dusenga, dusenga dukora’, uyu ‘samuragwa wewe aje kugira abandanye aho ‘Sogo’ wiwe yagejeje nk’uko yabivuze.

Reka rero turabe uko Samuragwa yasobanuye amajambo ya ‘Reta Mvyeyi’ na ‘Reta Nkozi’.

  • ‘Reta Mvyeyi’: Wumvise Reta mvyeyi uca wumva mu vy’ukuri ico umuvyeyi akorera abana biwe n’umuryango wiwe.

” Reta mvyeyi ni intwaro itunganya ivya reta nka ‘serugo w’umuryango mwiza’, reta yitwararika iciza ku banyagihugu bose ata ka mwana wa mama. Ico iyo Reta mvyeyi yitwararika cane ni kuraba ivyo abanyagihugu bakeneye maze ikabibaronsA. umuvyeyi nta na kimwe asaba abana, ahubwo niwe yihata akabibaronsa”.

‘Reta Nkozi’: Havuzwe reta nkozi haragaruka igikorwa co ‘gukora cane muri kamere yayo(qualité principale).

Reta nkozi ni reta ikorana umwete cane kubw’ineza y’abanyagihugu. reta nkozi irazwa ishinga n’icotuma abanyagihugu baronka ivyo bakeneye. reta itegerezwa gukorera hamwe, mu bumwe, ifatanye mu nda kugira ishike kw’iterambere. ni reta ifise ico ibazwa ku bijanye n’ivyo ikora.

Mu mezi adashika n’abiri, bamwe bamwe baramaze kubona ko Varisito Ndayishimiye ariko akora nk’uko yavyiyemeje naho bamwe bamwe bavuga ko hakiri kare kugira ivyo bavuze.

Weho gute? Ubona reta ya Ndayishimiye iriko ikora nka reta mvyeyi na reta nkozi?