Pierre Nkurunziza: ‘Uburundi mu myaka icumi iri imbere buzoba bugeze ku ntambwe ishimishije’.

0

Mu mugambi wa Leta y’Uburundi wihaye wo kerekana ko igihugu c’Uburundi gishobora kubaho kidasabiriza hanze, hiyemejwe ko mu myaka 10 Uburundi buzoba bugeze ku ntambwe ishimishije.

MU nteguro yiswe PLAN NATIONAL DE DEVELOPPEMENT DU BURUNDI
PND BURUNDI 2018-2027, harategekanywa ko Uburundi bzoba bwageze ku mafaranga anagana imiliyaridi 20 000 ku bw’iterambere.

Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yatanguje uwo mugambi, yarasiguye igituma uzotwara imyaka myinshi kuruta iyahora itunganywa. Nkurunziza yavuze ati:”Uburundi ntibukibaho ku munsi ku munsi.. Ni intambwe yo kwiyumvirira igihugu n’abarundi mu gihe kirekire kuruta”.

Uyu mugambi wakozwe n’umurwi w’abahinga 70 batowe mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.

Bikaba bitegekanijwe ko Uburundi buzoba bwaronse inyungu iboneka iza yiyongera kuvyo Uburundi bwahora bwinjiza.”Turategekanya ko mur’iyo myaka cumi, igihugu kizotera imbere ku rugero rw’ibice 10,2%, n’imiburiburi”, niko Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyaenyesheje.

Soma ngaha uwo mugambi wataziriwe PLAN NATIONAL DE DEVELOPPEMENT DU BURUNDI
PND BURUNDI 2018-2027.
PND-Burundi-2018-2027-Version-Finale