Abantu babiri bo muri GO FOR WIN bari bafashwe n’igiporisi barekuwe

0

Abagore babiri bari bafashwe n’igiporisi ku munsi wa gatanu w’indwi iheze mu ntara ya Gitega, bagirizwa kwiba bakoresheje urwenge, babicishije mw’ishirahamwe GO FOR WIN barekuwe kuri uwu wa gatanu nk’igihe c’isaha zine z’agatondo. Abo bari bafashwe bavuga ko imbere y’uko barekurwa babanje kwumvirizwa n’uwutwara iperereza mu ntara ya Gitega, bakaba babajijwe ibijanye n’iryo shirahamwe, babazwa kandi ivyo bagirizwa ko bariko bariba abantu.

Abo barekuwe bamenyesha ko basiguriye uwo atwara igendereza ko ata muntu n’umwe biba, kandi ko n’iryo shirahamwe GO FOR WIN ryemewe n’amategeko, hamwe n’ishirahamwe OBR rijejwe gutoza amakori ya Reta y’Uburundi.

N’aho abo bagore babiri barekuwe, mwomenya ko hari abandi bantu batandatu bagipfunzwe, muri abo hakaba harimwo umugore umwe, bose bakaba bari mu batwara iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu.

Abo bakiri mw’ibohero bari baje kuvugira abo barekuwe, bazanye n’impapuro zibemerera gukorera ku mugaragaro.