Bubanza : Umugore yagirizwa urupfu rw’umugabo wiwe

0

Umugore azwi kw’izina rya Cécile UWIMBABAZI apfungiwe mu gasho ka komine Musigati, intara ya Bubanza, kuva kuri uwu wa kabiri yagirizwa ko ariwe yagandaguye umugabo wiwe.

Uwo mugabo yitavye Imana kuri uwu wa mbere, inyuma y’imishamirano yabaye hagati yiwe bhamwe n’uwo mugore wiwe.

Mu giporisi bemeza ko uwo mugabo n’umugore bari babanye nabi, kenshi bakaba bahora barara bararwana.

Abajejwe umutekano muri komine Musigati bamenyesha ko uwo mugore yafashwe ku mvo z’amatohoza.