Petero NKURUNZIZA yoba ahava yumva ubutumwa Ban Ki-Moon amuzaniye?

0

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, yitezwe mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi kuri uwu wa mbere igihe c’isaha cumi n’iminota mirongo itatu. Ban Ki-Moon aje kuganira na Reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo.

Mu rugendo rw’iminsi ibiri mu Burundi, Ban Ki-Moon azanwe n’ukwumvisha ubutegetsi bw’i Bujumbura ko bwokwemera ibiganiro n’abatavuga rumwe nabwo, Uburundi bwemere kandi ko horungikwa abahinga mpuzamakungu gutohoza ivyagirizwa Uburundi mu bijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu.

moon

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon niyashika i Bujumbura ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, atangura kubonana n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain-Aimé Nyamitwe, hanyuma abonane na bamwe mu banyeporitike, harimwo n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura.

Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, Ban Ki-Moon azobonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ari naho bitegekanijwe ko agerageza kwumwumvisha ko yokwemera ibiganiro n’abatavuga rumwe nawe.

Ban Ki-Moon yitezwe kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Bujumbura, ahatewe amagerenade abiri mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, imwe kw’isoko kwa Siyoni, iyindi kw’isoko mu Kamenge. Amakuru atangwa n’igiporisi amenyesha ko abantu babiri aribo bahitanwe n’izo gerenade, abagera ku ndwi nabo barakomereka.