Petero NKURUNZIZA yashizwe ku rutonde rw’abakuru b’ibihugu babangamira itangazamakuru

0

Umukuru w’igihugu w’Uburundi Petero NKURUNZIZA yabonetse ku rutonde rw’abakuru b’ibihugu batorohereza abamenyeshamakuru mu bikorwa vyabo vy’itangazamakuru. Kuri urwo rutonde, hariko kandi Paul KAGAME umukuru w’igihugu c’Urwanda hamwe na Joseph KABILA wa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Recep Tayyip Erdoğan wa Turkiya, Umwami Salman wa Arabiya Saudite hamwe n’ubuyobozi bw’abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu.

Urwo rutonde rwasohowe mu cegeranyo c’umuryango w’abamenyeshamakuru batagira imbibe (Reporters Sans Frontieres). Ico cegeranyo kivuga ko mu guhohotera itangazamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru, Reta y’Uburundi ikoresha abakozi b’iperereza hamwe n’abayobozi mu giporisi c’Uburundi.

kora

Uburundi buri mu kibanza c’156 ku bihugu 180 ku rutonde rw’uko uburenganzira bw’ibimenyeshamakuru bwubahirizwa kw’isi.

x-default
x-default

Ishirahamwe “Reporters Sans Frontieres” rivuga ko umukuru w’igihugu w’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagaragaye ubwa mbere kuri urwo rutonde mu mwaka uheze, Petero NKURUNZIZA akagirizwa ko kuva mu mwaka w’2015, amaze gutuma ibimenyeshamakuru vyinshi vyugara, abamenyeshamakuru nabo barenga 100 bahunga igihugu kuva mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uheze, igihe Petero NKURUNZIZA amenyeshereje ko agiye gusubira kwitoza mu kiringo ca gatatu.