Friday, October 7, 2022
HomeNewsIpfungwa rya Major Désiré rishobora gucanishamwo abategetsi bakomeye

Ipfungwa rya Major Désiré rishobora gucanishamwo abategetsi bakomeye

Major Désiré Uwamahoro, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi ivugwa cane mu bikorwa vy’uguhohotera abatemera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Gitugutu 2016. Ubutegetsi bw’i Bujumbura bubandanya kugerageza kunyegeza amakuru y’ipfungwa ry’iyo ntwazangabo ikomeye kandi yemerwa na Petero NKURUNZIZA. Ivyo yahora yagirizwa sivyo bimupfunze.

Izina rya Major Désiré Uwamahoro riri mu vyegeranyo vyinshi vy’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, aho yagirizwa ubwicanyi ndengerabutungane bwakorewe abadashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Mu mwaka w’2012, yaraciriwe urubanza rw’umunyororo w’imyaka itanu, yagirizwa uguhohotera abanyagihugu, ariko akaba yamaze mu gasho umwanya urume rumara, ahubwo aca ashingwa amabanga akomeye y’ugutwara igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti-Emeute.)

ramn

Major Désiré Uwamahoro apfungiwe mw’igendereza kuva kuri uwu wa gatandatu, ariko akaba atariko akurikiranwa kubera ayo mabi yagirizwa. UWAMAHORO akurikiranwa kubera amafaranga yanyuruje, yaguzwe inzahabu.

Amafaranga yaguzwe inzahabu, agera ku 330 000 vy’amadorare y’abanyamerika niyo Major Désiré Uwamahoro yatwaye.

Amakuru duhabwa n’abegereye igendereza ry’Uburundi, n’uko hoba hari ukutumvikana kw’iyungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri iyo ntwazangabo, canke ukurekurwa abanje gutanga ayo mafaranga yagirizwa. Hari ukunyinyurana hagati y’ibihangange bishigikiye Major Désiré Uwamahoro hamwe n’abatamushigikiye bagizwe ahanini na Général Etienne NTAKARUTIMANA arongoye urwego rw’igendereza mu Burundi.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....