Abasirikare bane b’intwazangabo z’Uburundi batorotse

0

Abasirikare bane b’intwazangabo z’Uburundi bari bamaze imyaka itanu bariko bakurikirana ivyigwa mw’ishure rya gisirikare ry’i Addis-Abeba mu gihugu ca Ethiopia, banse gutahuka mu Burundi, inyuma y’aho ivyigwa bahoramwo bihereye.

Mu gisirikare c’Uburundi, ari nabo bari barungitse izo ntwazangabo muri ivyo vyigwa, bamenyesha ko bose hamwe bari cumi n’indwi, Reta y’Uburundi ikaba yabarungikiye amatike y’ugutahuka bose mu Burundi, ariko cumi na batatu bonyene muribo akaba aribo batahutse.

off

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi asigura ko abo bane banse gutaha bafatwa nk’abatorotse igisirikare, kuko batigeze basigura impamvu zibatumye badatahuka mu gihugu cabarungitse kwiga.

Amakuru atangwa n’abegereye abo basirikare bane b’intwazangabo avuga ko banse gutaha mu Burundi, kubw’amakenga ku mutekano wabo, mbere bikavugwa ko bamaze kwandikira ishirahamwe HCR rijejwe impunzi, basaba ko bohabwa ubuhungiro.

Abo basirikare babwiye HCR ko badashobora kwemera gutaha mu Burundi, kuko batinya ihohoterwa rifatiye ku bwoko rikorerwa abasikare b’ubwoko bumwe, bakavuga ndetse ko banababajwe n’ukubona iryo hohoterwa rikorerwa abasirikare, rigakorwa n’abasirikare bagenzi babo.