Paul Kagame Aragabisha Abipfuza Gutera igihugu ciwe.

0

Mu gihe hariko hibonekeza imigenderanire mibi hagati y’Uburundi n’Urwanda, ivyo bihugu vyose uko ari bibiri bibandanya vyerekana ko bidatinya urukamvye mu gihe hoba ugukozanyako.

Paul Kagame, umukuru w’Urwanda, yamenyesheje ko ‘ingabo ziwe zidasotorana ariko ko uwozOzisanga mu Rwanda zokwibonerako’.

Ivyo abivuze inyuma y’aho abakora imyiyerakano mu Burundi ku musi wa gatandata itariki 8 Kigarama 2018 baemyeshereje ko ‘bazokwishikira i Kigali maze bagahangana n’abashaka guhungabanya Uburundi’.

Mukibuka kandi ko hari amakuru yigezwe gutangazwa n’ikinyakamuru citwa Virunga Post cavuga umugambi uri hagati ya leta ya Uganda hamwe n’Uburundi wo gushaka gutera igihugu c’Urwanda. Ico kinyamakuru cavuga ko ‘hari imyimenyerezo ya gisirikare hagati y’abasirikare b’Uburundi n’ab’Ubuganda mu ntumebero yo gutera igihugu c’Urwanda’. Ico kinyamakuru cavuze amasoko y’inkuru yaco nyene ku bw’iyo nkuru.

Soma kandi: Raba hano ibihugu bibiri bivugwa ko bishaka guhungubanya umutekano w’Urwanda.

Nk’uko umuvugizi w’ingabo z’u Rwanda yabitangarije Ijwi ry’Amerika, abasirikare b’Urwanda bagize imisi bakora imyimenyerezo ya gisirikare, kandi ko iyo myimenyerezo yamaze amezi atatu, ko yari ifisse intumbero yo gukomeza ubushobozi bw’abasilikare b’Urwanda.

Umviriza uko Paul Kagame yavuze ngaha: