NEWS

Raba hano ibihugu bibiri bivugwa ko bishaka guhungubanya umutekano w’Urwanda.

on

Ikinyamakuru cigenga, Virunga Post, camenyesheje mu kuvuga amasoko yaco ko hari ibihugu bibiri arivyo Uburundi na Uganda biriko bikorera hamwe ngo bihungabanye umutekano w’igihugu c’Urwanda biciye mu gushigikira imirwi yiyemeje gukurahoo intwaro ya Paul Kagame.

Ico kinyamakuru kikamnenyesha amasoko yaco ko ivyo bihugu biri inyuma ya kayumba Nyamwasa hamwe n’umurwi wa Paul Rusesabagina mu guhungabanya umutekano w’Urwanda. Abo basanzwe bari inyuma y’imigwi igwana nka MRDC na RNC.

Nk’uko ico kinyamakuru kibishira ahabona, hariko haraba imishikirano hagati y’Uburundi na Uganda biciye ku ngendo zikorwa n’abategetsi mu gisirikare c’Uburundi n’iperereza baja mu Buganda kugira bapange uwo mugambi.

Virunga Post ikamenyesha ko umukuru w’intwaramiheto mu Burundi, Prime Niyongabo n’uwutwara iperereza mu Burundi, Steve Ntakarutimana, bama bakora ingendo baja i Kampala mu Buganda aho bakirwa neza n’abategetsi mu gisirikre ba Yoweli kaguta Museveni.

Igihugu c’Urwanda vyovurwa ko gisa n’ikitabona kumwe ibintu n’Ubuganda hamwe n’Uburundi kubera impamvu zinaka. Urwanda rwagiriza Ubuganda gufasha abitwaje ibigwanisho mu guhungabanya Urwanda, Uburundi nabwo bukagirizwa kubika abakoze ihonyabwoko mu Rwanda kugira bitegure gutera Urwanda.

UBM News ikaba ibandanya itohoza neza kugira yiyemeze neza aya makuru yashizwe ahabona na Virunga Post kubera ko ico kinyamakuru cavuze ‘amasoko y’inkuru yaco’ atarashobora kwemezwa neza canke atangirwe ibimenyamenya.

Recommended for you