Petero Nkurunziza amenyesha ko ‘amahoro n’umutekano bikwiye hose mu gihugu’.

0

Mu mubonanano umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petro Nkuruziza yakoze ejo ku musi wa kabiri itariki 11 Kigarama 2018, yarabonanye n’aba Buramatari bose b’intara muri Komine ya Bukeye, mu ntara ya Muramvya kugira hihweze uko umutekano wifashe muri rusangi mugihugu.

Muvyo umukuru w’igihugu yamenyesheje, harimwo ivy’uko umutekano ukwiye hose mu gihugu c’Uburundi,bitandukanye n’uko bamwe bamwe bavyibaza ko mu Burundi hatagedwa.

Umuvugizi wiwe, Jean Claude Karerwa Ndezanako, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, yavuze cane came ku kibazo c’imigenderanire mibi iri hagati y’Uburundi n’Urwanda.

Petero Nkurunziza akaba yasavye aba Buramatari b’intara na cane cane batwara intara zihana urubibe n’Urwanda kwam bari maso, baka bagavye kubera ko ‘umwansi atera igihe cose’.

Kurikirana ngaha umuvugizi w’umukuru w’igihugu: