Pacifique NININAHAZWE arakebura abamaze iminsi bahendwa n’iperereza ry’Uburundi

0

Pacifique NININAHAZWE, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu amenyesha ko hariho abantu batari bake bamaze iminsi bahendwa n’uwiyita iryo zina ryiwe ku muhora wa Facebook kandi ari umukozi w’iperereza. Uwo muntu yakoze Facebook ya Pacifique NININAHAZWE, ayishirako ifoto hamwe n’izina ry’uwo mukuru w’ishirahamwe FOCODE, agaca atangura gusaba ubugenzi akanaganiriza cane abantu abemerera ubuzi muri PAM (Programme Alimentaire Mondial) i NGOZI.

Uwo muntu mu nyuma aca abasaba amahera avuga ko ari aya dosiye kugira baronke ako kazi, bakayamurungikira bakoresheje telefone ya smart. Hari benshi bamaze kwibwa utwabo abandi bagashira ubuzima bwabo mu ngorane mu kwitaba uwo mubeshi.

pac

Pacifique NININAHAZWE aratanga ibimenyetso bitanu bizokwerekana ko iyo Facebook iba iriko irakoreshwa n’uwo mukozi w’igendereza atari iyiwe. NININAHAZWE Pacifique agira ati :

1. Facebook yose ifise ifoto yanje si rwanje. Haraciye umwaka urenga ntashize ifoto yanje kuri facebook aho basanzwe bashira ifoto iranga nyene urubuga. Nimba bishika ukandikirwa n’umuntu afise ifoto yanje, uraba uramenya ko uvugana n’iperereza rya Petero NKURUNZIZA.

2. Jewe haraciye igihe kinini ata muntu nsavye ngo tube abagenzi kuri facebook. Nimba uherutse gutumirwa n’umuntu yitwa Pacifique Nininahazwe, uramenya ko ari iperereza rya Petero NKURUNZIZA.

3. Nta muntu n’umwe nigera mbaza aho aba biciye muri Facebook. Nimba uvugana n’uwiyita Pacifique Ninininahazwe akaba aguma akubaza aho uba canke aho ukorera, uwo muntu si jewe.

4. Uwo muntu wese abandikira ababwira ivyo kubaha akazi, ivyo kudandaza amabuye y’agaciro, ivya viza, ivya passeport, uwo muntu ntabwo ari jewe. Nta na hamwe mfise duhurira na PAM (Programme Alimentaire Mondial).

5. Nimero yanje ya Whatsapp ni +257 79 910 446. Umuntu wese atanga iyindi nimero yiyita jewe ni umubeshi.

Pacifique NININAHAZWE asubira kwibutsa ko Maggy Barankitse, Petero Karaveri Mbonimpa hamwe na Godefroid Niyombare badakoresha Facebook. Pacifique ati : “Nimba umaze imisi uvugana n’umwe murabo, umenye ko uvugana n’iperereza rya Petero NKURUNZIZA. Muragabe cane ku muntu wese ababaza cane aho muba, abaza cane aho mukora canke aho imiryango yanyu iri. Mwirinde cane ababasaba kuja guhura n’abo mutazi ngo mutwaye dosiye canke mugiye gutora amahera. Ni umutego mubi.”

Uwo mukuru w’ishirahamwe FOCODE yaboneyeho akaryo ko gushira ahabona nimero za terefone zimaze imisi zitangwa canke zikoreshwa n’ababeshi biyita Pacifique Nininahazwe.

– Whatsapp :
+243 977 635 838
+250 783 902 257

– Nimero zisanzwe :
75 296 043
75 799 251
79 357 321
69 838 883