Nyuma ya Gisa Stevo wa Buja Fm aherutse gusohora indirimbo, uwundi mumenyeshamakuru wa Buja Fm agiye gusohora indirimbo

0

Nyuma y’umumenyeshamakuru w’insamirizi Buja fm ariwe Gisa Stevo aherutse gusohora indirimbo arikumwe na Kolly The Magic,indirimbo yitwa ”Uranyuzuza”,uwundi mumenyeshamakuru wiyo nsamirizi
Buja Fm ariwe Arsene Bucuti nawe agiye kwinjira mu nzu ihinyanyura indirimbo(studio)kugira asohore indirimbo yitwa ”Warahemutse Remix”arikumwe na nyene iyo ndirimbo ariwe Faraja
bucuti
Nkuko rero Faraja nyene iyo ndirimbo ”Warahemutse”yashoboye kuvyiganira ikinyamakuru cacu ubmnews kuri uno munsi,akaba yatumenyesheje ko bagiye gukora Remix y’indirimbo Warahemutse mu minsi ya vuba mu kiringo kitarenze ukwezi kandi ko azoyikorana n’umumenyeshamakuru wa Buja Fm ariwe Arsene Bucuti
faraja

Tworangiza tubamenyesha ko iyo ndirimbo niyamara gusohoka ikinyamakuru cacu ubmnews kizoba ica mbere mukuyironka nkuko babitumenyesheje ba nyeneyo