OLUCOME ritera akamo amashirahamwe mpuzamakungu guhagurukira ikibazo c’Uburundi

0

Mu gihe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018 hatanguye umwiherero w’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko ishirahamwe ryishinje kugwanya igiturire hamwe no gusesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba ko hofatwa ingingo muriyo nama yofasha gutera inyishu ingorane z’igihugu c’Uburundi.

Gabriel RUFYIRI mw’itanganzo yashize ahabona kuruno wa gatatu yasavye amashirahamwe nka ONU,UA hamwe na EAC gufasha kugira ibiganiro bihuze abanyeporitike b’Uburundi bose baba abri hagti mu gihugu canke hanze y’igihugu bisubire gutangura.

Gabriel RUFYIRI.umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

OLOCOME rigaruka ku bukene igihugu krimwo,ibijanye n’ibikorwa vyo gutoza amafaranga atandukanye abanyagihugu kandi basanzwe bari mu bukene vyose biri mu bituma ibintu bibandanya vyunyuka mu gihugu.

Uwo arongoye OLUCOME asigura ko mu gihe biheruka gushikirizwa n’sihirahamwe OCHA kubijanye n’abantu bakeneye imfashanyo uyu mwaka wa 2018 baduze gushika ku bice 20 kw’ijana niyo hataba ibiganiro bihuza bose kandi vyumvikanyweko ata mahoro canke kunywana bizoba bigeye kuboneka.

Muri ryo shirahamwe bemeza ko ibishikirizwa n’abanyeporitike bigaragaza ko ata nyungu z’aabanyagihugu bitwararitse.

Mu gihe hitezwe inama kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018 y’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujewje umutekano OLUCOE isaba ko uyo murwi kuzofasha kugira hagire ingingo zifatwa zfasha gutorera umuti ikibazo gihanze Uburundi.