Leta y’Uburundi Iriyamiriza Ivyashirikirijwe Na ONU Ko 1/3 c’Abarundi Bakenewe Gufashwa Vyihuta.

0

Inyuma y’aho hasohokeye icegeranyo ca Plan de Réponse Humanitaire, ishami rya ONU, cavuga ko hakewe vyihuta imiliyoni 141,8 y’amadolari kugira hafashwe Abarundi bari mu nkenero zidasanzwe bashika ku miliyoni 3,6 ni kuvuga hafi 1/3 c’Abarundi, Leta y’Uburundi ntiyatevye kwamirira kure ivyo vyashikirijwe muri iyo raporo ku Burundi 2018.

Iyo raporo ikaba yavuga ko yateguwe neza bifadikanije na Leta y’Uburundi hamwe n’abafasha Uburundi.Ariko rero, nkuko biri mu rwandiko rwashizwe ahabona na Phillipe Nzobonariba kuri uyu wa 21 Ruhuhuma 2018, umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa Leta y’Uburundi, ‘ico cegeranyo hamwe nukwo guharura abantu bari mu nkenero zidasanzwe, bitigeze bikorwa harimwo ubushikiranganji bubijejwe nk’uwintwaro yo hagati mu gihugu, uw’Uburimyi n’uwamagara y’abantu n’uwujejwe agateka ka zina muntu’.

Soma kandi: Imiliyoni 141,8 $ Yo Gufasha Abarundi Imiliyoni 3,6 Bari Mu Nkenero Zidasanzwe!

Nzobonariba yabandanije amenyesha ko nyabuna ubu uko ibintu vyifashe muri uyu mwaka wa 2018 vyaryohowe cane ugereranije na 2017, ko mu mice yose y’ubuzima bw’Abanyagihugu hari ivyaryohowe cane.

Iryo tangazo rya leta y’Uburundi riheraheza rimenyesha ko ‘Leta y’Uburundi yiyamirije ico cegeranyo cakozwe n’uruhande rumwe maze igasaba ko Ibiro vya ONU vyatunganije ico cegeranyo gukorana n’ubushikiranganji bubijejwe kugira haze haratangwa amakuru atohojwe neza’.

Soma iryo tangazo rya leta y’Uburundi ngaha uheze umenye vyinshi:
Burundi-communique-du-Gouvernement-21-fevrier-2018