OLUCOME Isaba Irangizwa Vyihuta RY’Ibiganiro Bibera Hanze.

0

Mw’ikete ishirahamwe rijejwe kurwanya ibiturire no gusesagira amatungo ya Leta OLUCOME ryandikiye umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, William Benjamin Mkapa, rimusaba ko yokwihta akarangiza ibiganiro bihuza Abarundi bibera hanze hamwe no gusuzuma uko amasezerano y’I Arusha ashirwa mu ngiro hamwe no gusubiza hamwe mu Burundi.

Muri rwo rwandiko, OLUCOME iragaragaza uburyo bw’amafaranga ya leta yakoreshejwe kugira ngo ayo masezerano y’I Arusha aboneke ko ari menshi, maze igaca yibutsa William Mkapa ko ayo masezerano y’I Arusha atogenda buhere kubera ko hari bimwe mu masezerano y’I Arusha bitaranashirwa mu ngiro neza; OLUCOME yibukije Mkapa ko ibintu vyoba nabi cane ari nka hamwe bitokorwa kare.

OLUCOME yibukije ko Ikigigega c’isi yose FMI gishira igihugu c’Uburundi mu kibanza ca mbere mu bihugu bikenye cane gose kw’isi, mu kwerekana ko ubu umunyagihugu w’umurundi umwe yinjiza amadolari 300 ( hafi umuliyoni w’amarundi) ku mwaka wose ugereranije namadolari 600 abandi banyagihugu bo mu karere binjiza ku mwaka.

OLUCOME yaciye igirako yerekana ivyokorwa mu maguru masha harimwo ko hakwiye kuba Inama idasanzwe y’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira hihwezwe uko ibiganiro bihuza Abarundi biriko biragenda. OLUCOME imenyesha kandi ko hakwiye kubaho Inama Idasanzwe y’abegwa n’amasezerano y’I Arusha hamwe no gusubiza ahamwe mu Burundi.

OLUCOME yarangije isaba ibiro vy’umufasha w’umuhuza ko vyokora ibishoboka vyose ngo birokore abanyagihugu b’uburundi kubera ko ivyo Uburundi buriko buracamwo bidashemye na gato.