Urunani AMIZERO Y’Abarundi Rubona Ko Ingingo Yo Guterera Amatora ya 2020 « Itajanye N’Ibwirizwa-Shingiro ».

0

Urunani Amizero y’Abarundi, biciye ku bashingamateka bashika 25 bari muri urwo runani, rubona ko politike ya leta y’Uburundi yo gusaba abanyagihugu ngo baterere amatora ya 2020 itajanye n’ibwirizwa-Shingiro.

Urwandiko basohoye, abo bashingamateka 25 bo mu runani AMIZERO y’Abarundi, harimwo umushingamateka akongera akaba icegera ca mbere c’Inama Nshingamateka, Agathon Rwasa, rumenyesha ko ‘urunani Amizero y’Abarundi rudashigikiye ingingo yo gusaba abanyagihugu ngo baterere amatora ya 2020’, ibiriko birakorwa, ku bw’abo bashingamateka 25, « mu buryo butajanye n’amategeko y’Uburundi ».

Ku bw’abo bashingamateka, abo imigambwe yabo ya politike ifisemwo abashikiranganji batanu muri leta, basigura bati : « Iyo ngingo ishiraho uguterera amatora ntijanye n’ibwirizwa-shingiro, kubera ko ibwirizwa-shingiro ry’Uburundi ,mu ngingo yaryo ya 70, rivuga ko ivyo bikorwa gusa mu gihe c’ivyago vy’ivyaduka, ibitajanye na gato n’amatora kuko atari icago c’icaduka ».

Ariko rero, abandi babona ko ingendo y’Urunani Amizero y’abarundi atari nziza, bakamenyesha ko Urunani Amizero y’Abarundi atari ‘Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro’ maze ruvuge ko ikintu kinaka kitajanye n’ibwirizwa shingiro, nkarorero ingingo yo guterera amatora ya 2020, kandi bigakorwa mu buryo bwerekana ko urwo runani ruri hejuru cane.