Obama yafatiye ibindi bihano Korea ya ruguru.

0

Umukuru w’igihugu ca Amerika” Barack Obama yashize umukono ku bindi bihano bifatiwe Korea ya ruguru inyuma yaho ico gihugu kigeragereje kandi ibirwanisho vy’ubumara ikoresheje missile mu misi iheze.

President Barack Obama Signs Payroll Tax Bill

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House, yavuze ko Amerika n’amakungu batazihanganira”Ibikorwa bitemewe vy’ibirwanisho vy’ubumara” bikoreshwa na Korea ya ruguru.

Mu gihe giheze, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyaranebaguye Korea ya ruguru bivuga ko ikoresha abanyagihugu ba Amerika nk’ingwati mu bikorwa vy’ico gihugu vya politike.

Ivyo ni inyuma y’aho Korea ya ruguru iciriye urubanza umunyeshure w’umunyamerika rwo gufungwa imyaka 15 no gukora ibikorwa biruhisha, kubera icaha co kwononera ubutegetsi.

_88812942_ott_warmbier

Umunyeshure Otto Warmbier w’imyaka 21, yaremeye ko yivye icapa kiriko inyandiko za politike mw’ihoteli yabamwo n’uwundi mugwi w’ingenzi mu gisagara ca Pyongyang.

Amerika yasavye Korea ya ruguru kurekura uwo munyeshure.

SRC : BBC