Umugambwe MSD wasavye ibintu 3 Petero Nkurunziza

0

Umugambwe MSD wasohoye urwandiko rugizwe ahanini n’ingingo zitatu zotuma igihugu gisubira kuba mumahoro n’umutekano kuri bose.

nyamoya
Francois Nyamoya ” umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD

Ubicishije kumunyamabanga mukuru wayo ” Francois Nyamoya , Umugambwe MSD watangaje ko urajwe ishinga n’ingorane igihugu kirimwo na cane cane abanwanyi buwo mugambwe nyene ngo babandanya kwicwa izuba riva abandi bakangazwa mugihe abandi bakubagugwa,arimuriyo ntumbero uwo mugambwe MSD wanyarutse kugira uvuge aho uhagaze.

Mugwandiko rwasizwe ahabona kuruyu wa 22 kigarama 2015 ,ibintu 3 n’ivyo uwo mugambwe ubona vyokorwa kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu Burundi.

1:Nkurunziza Petero asubize ubutegetsi yihaye kunguvu,yongere ashengezwe imbere y’ubutungane

2:Haganigwe ingene hojaho inzego mfatakibanza ,zizoshikana abarundi kumatora meza kandi adakumira.

3:ico kiringo cimfata kibanza co fata umwanya muto cane.

Tubibutse ko ibi uno mugambwe ubishikirije inyuma yaho umukuru wayo Alex Sinduhije afatiwe ibihano n’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yagirizwa kuba muri bamwe mubahungabanya umutekano mu Burundi.