Amafaranga ibihumbi ijana niyo Mac Arthur yaguze i cd ya Best Life Music

0

Umunyegori w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba hamwe n’umugwi wa vitalo’o fc ariwe Arakaza Mac Arthur yaguze i cd y’amasanamu y’indirimbo better than y’umugwi best life music amafaranga angana ibihumbi ijana vy’amarundi,hari ku munsi w’Imana igenekerezo rya 20/12/2015,aho uyo mugwi wari uramutse werekana amasanamu y’indirimbo better than,ibirori vyabereye ri ahitwa best outloock hotel.
mac arthur na best life
Mac Arthur akaba yarashimiye cane umugwi best life music akazi uriko urakora bituma awufasha mu kugura i cd yabo amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi.
Tworangiza tubamenyeshako muri ivyo birori,Mac ARthur yari yaje arikumwe n’umukunzi wiwe ariwe Audyna