Ni igiki twokwitega kuri Evariste Ndayishimiye aramutse atwaye Uburundi?

0

Abantu batari bake bariko baribaza nimba Evariste Ndayishimiye aramutse atwaye Uburundi ko hari icohinduka mu bijaye n’iterambere ry’Uburundi hamwe no mu migenderanire n’ayandi makungu.

Evariste Ndayishimiye yaraye ashizwe ahabona ngo azoserukire umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD mu matora yo muri Rusama uyu mwaka ava mu ntara ya Gitega, komine Giheta.

Ndayishimiye akaba yataye amashure ya kaminuza mu gihe hari intambara yo kwica abanyeshure bo mu bwoko bw’abahutu maze aca aja mw’ishamba kwifatanya n’umuhri CNDD FDD warwana ico gihe.

Mu vyo bamwe bamwe bavuga biteze kuri Evariste Ndayishimiye harimwo ukwirukana mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD abanywanyi batagira aho bahagaze.

Ivyo Ndayishimiye akaba yaciye abimenyesha ahejeje gutorwa ngo abe uwuzosubirira Petro Nkurinziza igihe yokwizerwa n’Abarundi muri Rusama 2020.

Ikindi cokwitegwa kuri Evariste Ndayishimiye ni kumbure umubano mwiza hagati ya leta y’Uburundi n’idini rya Katolika.

Kuva mu mwaka wa 2005 umugambwe CNDD FDD utwara igihugu, idini rya Katolika ryagumye riri mu matati na leta y’Uburundi, badahuza ku kuntu ibijanye n’agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.

Ariko nk’uko amakutu amwe amwe abishira ahabona, Evariste Ndayishimiye batazira ‘Never’ akomoka mw’idini rya Katolika kandi akaba yari ashigikiwe cane na Vatican, icicaro gikuru c’abakatolika.

Ikindi citezwe kuri Ndayishimiye nk’uko abahinga bariko babishira ahabona ni ugukora nk’uko wewe yigombeye adakurikiza amategeko.

Ivyo vyarashitse igihe Evariste Ndayishimiye yari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu CNDD FDD igitangura gutwara Uburundi.

Ndayishimiye yarihaye uburenganzira bwo gutumako ikoraniro kaminuza rya CNDD FDD mu guhonyanaga amategeko kandi atari avyemerewe ari mu bushikikiranganji bw’intaro yo hagati mu gihugu.

Ikindi cokwiterwa cane ni uko Ndayishimiye cane azobandanya ayobokera cane Shebuja ariwe Petero Nlurunziza.

Abihweza ibintu n’ibindi babona ko naho Petero Nkurunziza ‘Imboneza yamaho’ akongera kandi akitwa ‘Imboneza mu vyo gukunda igihugu’ azoguma agira akosho(influence) mu bijanye na politike y’Uburundi.

Ndayishimiye akaba yari azwi ko yayobkorea Shebuja Nkurunziza muri vyose, eka kandi ko yerekanye ko amwubaha kandi ‘azogera ikirenge mu ca mukuruwe Nkurunziza’.

Bamwe bamwe bakaba babona ko Evarsite Ndayishimiye ‘yera'( ata vyaha vyinshi yagirizwa) ugereranije na bagenziwe muri CNDD FDD.

Ariko abihweza ibintu barazi uko Evariste Ndayishimiye akora ibintu, vyinshi bigakorwa mw’ibanga ntangere, maze ntasige icitwa ko ari ‘ikimenyetso’ na kimwe cotuma agaragara ko akora ibikorwa bimwe bimwe bitemewe.

Mwomenya ko hari hitoje abagabo bane ngo baje ku ntebe Nkurunziza yicayemwo nabo akaba ari Pascal Nyabenda(Bubanza) yawatye ikibanza ca gatatu, uwundi ajaba ari Joseph Butore(Cibitoki) yatewaye ikibanza ca kabiri, uwundi akaba ari Gabriel Nizigama(Muramvya) yatwaye ikibanza ca kane hama Evariste Ndayishimiye yatwaye ikibanza ca mbere n’amanota arenga 70 kw’ijana.