Itelefone CNDD-FDD yabashwayemwo…

0

Itelefone yiswe CNDD-FDD yamaze gushirwa ahabona ko abanyagihugu abo ari bo bose bashobora kuyironsa ku mafaranga y’amarundi.

Amafaranga iyo telefone igurwa akaba ari 30 000 FBU canke 40 000 FBU. Ibi biciro biratandukanye uravye ivyo bagumabashira ku mbuga ngurukana bumenyi.

Umwe mu bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko iyo telefone CNDD-FDD izogurwa amafaranga y’amarundi 40 000 FBU naho abandi atariko bavuga.

Ku masanamu yashizwe ahabona bikerekanwa ko iyo telefone yiswe CNDD-FDD yateranirijwe mu Burundi’.

Iyo telefone kandi yanditseko ‘Tsinda 2020’ gutyo bikamenyekanisha ukwiyamamaza kwa CNDD-FDD mu matora yimirije mu mezi nk’angahe ari imbere.

Bikaba vyitezwe ko ejo ku musi wa mungu ariho hazoshirwa ahabona umukandida mushasha wa CNDD-FDD azokwicara mu ntebe Petero Nkurunziza yicayemwo.

Raba ngaha amasanamu yiyo telefone: