Imyaka 7 iraheze isoko nkuru ya Bujumbura ihiye iratokombera

0

Hari ku musi w’Imana itariki 27 nzero 2013 niho abanyagisagara ca Bujumbura babona imyotsi iduga mu kirere ivuye ahari isoko nkuru ya Bujumbura. Niho kumenya ko ari isoko nkuru ya Bujumbura iriko irasha kuva isaha 11 z’ijoro buca ari ku musi w’Imana.

Benshi baragerageje kurokora ibidandazwa vyariyo ariko igipolisi cari cahashitse kugira cigizeyo abantu congere kigerageze kuzimya ariko vyabaye impfagusa kuko umuriro wari ukomeye cane. Amatohoza yakozwe n’umurwi wari washinzwe wavuze ko uyo muriro wavuye ku mpanuka ko rerro atari ubugizi bwa nabi.

Mu nyishu nayo yahaye abashingamateka mu kwezi kwa kigarama 2019, Joseph Butore icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Leta ifise umugambi wo kubaka inzu niniya yamagorofa kandi atamugambi wo kuhagurisha bafise nkuko benshi baza kahabasaba ngo bahagure bahakorere.