Ngozi : Uwahoze ari umukuru w’igiporisi yasabiwe umunyororo w’imyaka itanu

0

Donatien BARANDEREKA, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi, akaba ariwe yahora arongoye igiporisi mu ntara ya Ngozi, yasabiwe na Sentare isubiramwo imanza ya Ngozi, umunyororo w’imyaka itanu. Aho ni inyuma y’aho mu muduga wiwe (umuduga atari uw’akazi) hafatiwe inkoho yo mu bwoko bwa “Pistolet” itamwanditsweko.

Donatien BARANDEREKA yumvirijwe na Sentare isubiramwo imanza ya Ngozi kuri uwu wa kane, akaba yasiguye ko iyo nkoho ari iyo yari yafatanye umunyagihugu, kandi ko yari yiteguriye kuyishikiriza umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu.

Sentare isubiramwo imanza ya Ngozi ntiyanyuzwe n’izo nsiguro, iyo Sentare ikaba yagiriza iyo ntwazangabo ko yariko itegura gukoresha iyo nkoho mu bugizi bwa nabi, mu guhungabanya umutekano.

Donatien BARANDEREKA akaba yasabiwe umunyororo w’imyaka itanu, hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana atanu y’amarundi.

Ingingo izofatwa n’ubutungane izomenyekana kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro 2018.