Mbega gutakaza ubushobozi bwo kurangura amabanga y’abubatse ku mugabo yoba ari ingwara ?

0

Abantu batari bake baribaza iki kibazo : Mbega gutakaza ubushobozi bwo kurangura amabanga yabubatse kumugabo vyoba ari ingwara ? Ego birashobora kuba ingwara ! Iyo ni inyishu ya muganga Axel Intungane abandanya avuga ati : “Ku bisazwe ku mugabo bavuga kenshi ko yatakaje ubushobozi bwo kurangura amabanga y’abubatse mu gihe igihimba ciwe c’irondoka kidafise ubukomezi bukwiye mugabo si ukuvuga ko bishitse rimwe abari ingwara oya namba ku mezi atandatu niho umuntu ashobora kwikeka ko yoba ari ingwara.

Biva rero ku bintu vyinshi aho twovuga nk’ingorane iva ku nkabuzo. Muganga Axel Intungane ati : “Hari inkabuzo zituma ayo mabanga ashobora gushoboka, ni ukuvuga umugabo akagira ubushobozi bukwiye. Iyo izo nkabuzo zimeze nabi canke ntizikore neza, ntibiba bikigenze neza.

Ica kabiri, kugira umugabo ashobore kurangura amabanga y’abubatse, hariho udutsi n’udusaho twuzura amaraso hama bigatuma igihimba c’irondoka c’umugabo gikomera kugira gikore neza iyo amaraso rero adatembera neza haraheza hakaba ingorane. Ikindi ni imitsi nsozabwenge iyo yatewe irashobora gutuma ico gihimba c’umugabo bidakunda ko kigira inkomezi.

Young Unhappy African Couple Sitting Back To Back On Sofa At Home

Mu nyuma mu bitera ubushobozi buke bwo kurangura amabanga y’abubatse, ni igihe igihimba c’irondoka kiba caremwe nabi kidashobora guhagarara canke ngo gikomere akaba aba ariko umuntu ameze.

Kwa muganga barafasha mwene abo bagabo bafise iyo ngorane. Muganga Axel arabandanya ati : “Umuntu nk’uwo ashitse kwa muganga baramupima bakaraba ico vyavuyeko. Kenshi hari igihe biba vyavuye mu mutwe, ku bwoba bw’uko kumbure uwo mugabo yiyumvira kwadashimisha uwo bubakanye, ivyo bikamutuma agira ingorane, umwitwarariko n’ibindi. Kwa muganga rero baraheza bakavura ico kibazo, ariko tukabamenyesha ko ivyo kwitura rumenyi atari umuti urama.

Umuntu ashikiwe niyo ngorane arashikira umuganga muri bamwe bavura ingwara zose, uwo nawe amaze kubona ingorane ahari araheza akavura uyo murwayi wiwe canke akamurangira uyundi muganga yanonosoye kuvura izindi ngwara kuko ni ingwara ahanini abaganga bafise ubushakashatsi mu bisata bitandukanye bavurira hamwe.

Ni ingwara abagabo benshi bativuza kuko bikora ku bugabo bw’abagabo niyo baje kwa muganga ntibashoka bavuga aho bagwaye kuko umenga ni ibintu biteye isoni.

Ntibishikira umugabo umwe canke babiri gusa bishikira benshi nico gituma bokwivuza kare. Iyo ngorane iza ku myaka yose, mugabo ikaza gukara mu gihe imyaka iriko iraduga, kuko uko umubiri usaza ariko n’inkomezi zigenda ziragabanuka. Iciza ni ukuja kwa muganga kare.

Umuhanuzi w’ingo n’imiryango, Béni Ndayishimiye umwe bita mu gifaransa “Conseiller conjugal” arahanura abakenyezi cane ko batorya umutima abanega babo ko ahubwo bobafasha kwivuza bakanabaherekeza kuko bituma umugabo yigarukanako icizere, abagabo nabo bakemera bagaca bugufi bakemera ubufasha kuko usanga kenshi abo bishikiye badashaka kubivuga kandi bakigunga.

Muganga Axel Intungane arangiza atera akamo abo bose bafise iyo ngorane kwegera abaganga kuko ari ingwara nk’izindi. Ku bwiwe, nta kugira isoni z’ukwivuza.

Mukwirinda rero iyo ngorane, umuntu yokwirinda zirya ngwara z’umutima canke zifatira mu mitsi, hama umuntu akifata neza mu kuraba ivyo afungura hanyuma akagira imyimenyerezo ngororamubiri (Sport), kuko ifasha imitsi yose n’ibihimba vyose harimwo n’igihimba c’irondoka c’umugabo cane, kuko iyomyimenyerezo ituma imitsi yiwe ibaho neza. Ibisigaye umuntu bishobotse akagabanya imyitwarariko, akanaruhuka.