Swaziland : Integuro y’itegeko itegekanya gutanga itagisi ku bubakana n’abanyamahanga

0

Kubera iki hatotangwa itagisi ku bugeni n’abanyamahanga kugira ngo abanyamahanga binjira mu gihugu ca Swaziland bagabanuke ? Ico nico kibazo abafata ingingo muri ico gihugu giheruka gutazirwa eSwatini gishaka kugerageza iryo tegeko ryateye agashavu amashirahamwe aharanira inyungu z’abakenyezi.

Iryo tegeko riri mu nama shingamateka ritegekanya ko abanyagihugu bo mu gihugu ca Swaziland bipfuza kwubakana n’abanyamahanga baba abakobwa canke abahungu ko bategerezwa gutanga mu bushikiranji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amafranga yo muri ico gihugu yama lilangeni ibihumbi 30 amafranga angana hafi n’amahera yabanyaburaya 1.900
Iryo tagisi ritangishwa riza risa niriza kubuza ubugeni bw’abenegihugu n’abanyamahanga kubera ayo mahera ari menshi.

Iryo tegeko riramutse ryemejwe rizofata bose haba abakobwa canke abahungu mugabo rizokora gose ku bakobwa baba muri Swaziland.

Kubw’ umuvugizi wa Reta, Percy Simelane, iryo tegeko rero rije gufasha kurinda abakobwa bo muri co gihugu abanyamahanga baba bashaka kwubakana canke kugira ubugeni nabo kubera bishakira gusa ubwenegihugu bw’ico gihugu.

Ntabiharuro bihari vyerekana ko ico kibazo gihari mugabo mu 2016, ubushikirangije bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwaramenyesheje ko bwashoboye kuronka abanyamahanga basaba ubwenegihugu ca Swazilnd bangana n’igice c’umuriyoni, abenshi bakaba ari abava muri Asia, abo bantu rero bakaba ari benshi kuko ico gihugu ca Swaziland gifise abenegihugu bangana hafi n’umulioni umwe n’ibice bitatu gusa.

Ico gihugu rero ca Swaziland gishaka kubikora mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu baco b’abigeme kuko ngo mwenabo banyamahanga bakora ubugeni hamwe nabo, bugingo baronse ubwenegihugu bwico gihugu baca bata abagore babo bakabatana abana mu nyuma Reta igaheza igahomba kuko ariyo icisigara ifata mu mugongo abo bana b’abo banyamahanga bavyaranye n’abo bakobwa.

Umuvugizi wa Reta y’ico gihugu ca Swaziland arabandanya ati : “Ego turazi ko iryo tegeko ritazoshobora guhasha abo banyanamahanga mugabo ntaco ni mu ntumbero yo gukingira abakenyezi atako bifashe.”

Naho biri uko, abo bakenyezi bobo bafatwa nkabakingirwa ntibavyakiriye neza na gato.

Dumsane Dlamini, umukenyezi arongoye ishirahamwe abakenyezi n’amategeko mu gihugu ca Swaziland avuga ati : « Turavye amategeko si inyishu nziza ! Ibihugu vyari bikwiye gukingira abanegihugu babo mu kurabira hafi ingene abo banyamahanga baronka ubwengihugu. »

Uwundi mukenyezi aharanira agateka k’abakenyezi, Bonsile Mamba wewe yagiye kure mukubwira ikinyamakuru AFP ati « iryo tegeko rije kubangamira no kubuza ukwidegemvya abakenyezi mu gutora uwo bubakana, iconzi nuko abakenyezi b’abanya Swaziland bakunda abagabo b’abanyamahanga kubera bobo bameze nkabakunditse, babereka urukundo cane kurusha abagabo b’abanya Swaziland »