Ngozi : Umuntu umwe yapfuye uwundi arakomereka mu gitero cakozwe

0

Umuntu umwe yapfuye uwundi arakomereka mu gitero ca Gerenade cakozwe ku rugo rwa RWAZANYINGATA André ruri ku musozi Kagoma, komine Nyamurenza, intara ya Ngozi.

Uwo yakomeretse ni nyene urwo rugo rwatewe, RWAZANYINGATA André w’imyaka 52, umupfasoni wiwe KAMPAYANO Immaculée w’imyaka 50 nawe niwe yakomeretse, ubu akaba ariko avurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Ngozi.

Iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, mu giporisi bakamenyesha ko abakoze ico gitero bataramenyekana.

Amatati y’amatongo niyo yoba ari inyuma y’ubwo bugizi bwa nabi, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.

Tubamenyeshe ko mu matohoza ariko arakorwa, igiporisi kimaze gufata abantu babiri bikekwa ko aribo bateye iyo Gerenade. Abafashwe ni HABANZIMANA Rome w’imyaka 21 hamwe na NDABIRABE Eric w’imyaka 23.