Abanyamulenge 39 bahungiye mu Burundi

0

Abantu 39 b’abanyamurenge bo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo nibo bashitse mu ntara ya Cibitoke, komine Rugombo, kuri uwu wa kane. Bose bavuga ko bahunze ingwano ziriko zihuza abasoda b’igihugu ca Congo hamwe n’abarwanyi ba Maï-Maï, mu karere ka Uvira.

Izo mpunzi zakiriwe ku murwa mukuru wa komine Rugombo, zikaba zivuga ko zahunze ingwano n’imishamirano imaze hafi amezi atatu muri ako karere.

Umwe muri abo bahunze yemeza ko bari bamaze iminsi hafi itatu barara mw’ishamba, kandi ko n’ivyo bari batunze vyasahuwe, amazu yabo nayo arabomorwa.

Abo banyamurenge basaba Reta y’Uburundi ko yobaha ubuhungiro, aho akaba ari mu gihe ubuyobozi bw’intara ya Cibitoke busaba ko ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryofasha mu gutanga imiduga yokwunguruza izo mpunzi, kugira zijanwe mu kibanza cagenewe abasaba ubuhungiro (Centre de transit) kiri ahitwa Cishemere, muri komine Buganda, intara ya Cibitoke.