Biciye kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryagiye ahabona, uwahora arongoye umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI, ariwe Pierre Claver Ndayicariye, yasubiriwe na Pierre Claver Kazihise kuba umukuru w’uwo mugwi uzotunganya amatora ya 2020.
Pierre Claver Ndayicariye akaba yari yatwaye CENI mu matora ya 2005 gushika mu matora ya 2015, kandi akaba ariwe yatunganije amatora yatsinzwe na CNDD-FDD yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro muri Rusama 2018
Mwomenya ko abagize uwo mugwi mushasha ujejwe gutegura amatora badahurizwako na bose, kuko bamwe bakibona ko n’ubu ata bwisanzure uwo mugwi uzotegura amatora ya 2020 ufise, kuko biboneka ko ushobora ‘gukorera mu gitutu c’uwabashizeho’.