Ngozi : MUTANKANA Abel yishwe bunyamaswa

0

MUTANKANA Abel, umusore yaheruka kubura se wiwe, yaranguza inzoga za BRARUDI yishwe bunyamaswa n’abantu bamutegereye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu i Tangara mu ntara ya Ngozi.

Uwo musore yishwe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, akaba yategerewe n’inkozi z’ikibi zimugandagura zikoresheje imipanga, izo nkozi z’ikibi zica zitwara ikiziga mu bitoke iwabo.

Ikiziga ciwe cabonetse mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, nk’uko vyemezwa n’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Ngozi avuga ko amatohoza yatanguye.