Monday, September 26, 2022
HomeNewsNgozi : Ikiziga c'umwigeme catowe mu kazu ka surwumwe

Ngozi : Ikiziga c’umwigeme catowe mu kazu ka surwumwe

Abanyagihugu bo muri Komine Ruhororo batoye mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu ikiziga c’umwigeme yishwe akerewe umutwe. Uwo mwigeme yatowe ikiziga ku mutumba Ruyaga muri komine Ruhororo, mu ntara ya Ngozi.

lati

Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro muri Komine Ruhororo avuga ko abishe uwo mwigeme bamuciye umutwe, umutumba wiwe bawuta mu kazu ka surwumwe, umutwe nawo bawuta ukwawo.

Ayo makuru avuga ko imbere y’ukwica uwo mwigeme, babanje kumufafata ku nguvu.

Umuntu umwe niwe amaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...