Abantu 350 nibo bagandaguwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA

0

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kivuga ko abantu bagera ku 350 aribo bishwe mu Burundi bakuwe mu minwe y’inzego z’ubutungane. Abaharurwa mu 650 nabo barasizikarijwe ubuzima, nayo abagera ku 5881 barahagarikwa. Ico cegeranyo ca ONU kivuga ko atagikozwe Uburundi bushobora gukwegera Afrika yo hagati mu ndyane z’amoko.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu gisanzwe gishikirizwa uko umwaka utashe, kikaba muri uno mwaka caravye ingene agateka ka zina muntu kagiye karahungabana kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 aho umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesha ko azosubira kwitoza.

jesh

Zeid Ra’ad Al Hussein, ajejwe agateka ka zina muntu muri ONU avuga ko ahanini ubwo bwicanyi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyakozwe n’abari mu nzego z’igiporisi c’Uburundi hamwe n’abakozi b’iperereza, abishwe bakaba ahanini bari abanyagihugu bari mu migambwe itavuga rumwe na Reta canke bari mu mashirahamwe yigenga yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

tir

tire

Ico cegeranyo ca ONU kivuga kandi ko abandi bantu bagera kw’ijana na mirongo itatu na bane bishwe n’abari mu mirwi yitwaje ibirwanisho, benshi muribo bakaba bari abaporisi hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, canke abandi banywanyi b’umugambwe CNDD FDD. ONU ivuga ko batanu muri abo bishwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho bishwe n’umuhari FOREBU, nk’uko uwo muhari nyene wavyiyemereye.

Tubamenyeshe