Ngozi : Abayoboke umunani ba RWASA Agathon bafashwe

0

Abanywanyi umunani b’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI rurongowe na Agathon RWASA bafashwe n’igiporisi ku musozi Gicu, komine Nyamurenza, intara ya Ngozi. Abo bafashwe bapfungiwe mu gasho ka komine Nyamurenza.

Abo bayoboka RWASA Agathon icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka bamwe bafatiwe muhira, abandi nabo bafatiwe mu bunywero, bagirizwa ko bariko bakora inama itemewe n’amategeko, baca bajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine.

Mu ndongozi za FNL ya RWASA i Ngozi bamenyesha ko ako ari agatotezo gakorerwa abayoboka RWASA. Bariyamiriza ivyo abo bapfunzwe bagirizwa, bakavuga ko bafashwe mu gihe bariko basangira ibinyobwa mu kabare.

Abo bayoboke bafashwe mu gihe n’umushingamateka RWASA Agathon aheruka kumenyesha ko ubuzima bwiwe bubangamiwe, aho wenyene yemeza ko afise amakuru ko hari umugambi wo kumwica, canke kumurementaniriza ko yatanguje umurwi w’abarwanyi, ibizotuma ibizotuma ubutungane bw’Uburundi busaba ko RWASA Agathon akurwako ubudahangarwa, kugira atabwe mu mvuto.