Karusi : Cyriaque NTAHIZANIYE yaciriwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose

0

Sentare nkuru y’intara ya Karusi yaciriye kuri uwu wa gatatu urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose uwitwa Cyriaque NTAHIZANIYE, yagirizwa ko ariwe yishe umwana w’imyaka 11 azwi kw’izina rya Eric NSENGIYUMVA.

Muri urwo rubanza rw’ikibiriraho, Sentare nkuru y’intara ya Karusi yamwagirije ko ariwe yishe uwo mwana amutemaguje umupanga, muri komine Buhiga, intara ya Karusi.

Sentare nkuru y’intara ya Karusi yamenyesheje ko ubwo bwicanyi bwakorewe uwo mwana bwoba bufitaniye isano n’amatati y’amatongo.