Ngibi hano ibintu vyihuta Agathon Rwasa yasavye Leta y’Uburundi

0

Ibiganiro vyofata umwanya muto bihurikiyemwo abo bose begwa n’ibibazo vy’u Burundi kandi bihagarariwe n’umuhuza mvamakungu , nivyo vyonyene vyotorera umuti ingorane ziri mu gihugu cacu c’u Burundi ; niyo ntererano ya nyenicubahuro umushingamateka Rwasa Agathon yatanze ku kibazo gihanze u Burundi .

agathon rwasa

Nyakwubahwa Rwasa Agathon arongera ati ” Ntibibe nka vya biganiro vyo muri kahise vyabera i Arusha bikamara imyaka n’iyindi ataco birashikako , dukeneye umuti wihuta kandi ntitworindira ubuhuza bwa Uganda isanzwe iri mu gihe kidasanzwe c’imyiyamamazo mu kwitegurira amatora ategekanijwe muri ico gihugu “.

Ivyo nyenicubahiro Rwasa Agathon akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru iwacu kuri uyu wa mbere 25/01/2016 , inyuma y’urugendo intumwa za ONU zagize mu gihugu cacu c’u Burundi mu ntumbero yo guha ubutumwa Petero Nkurunziza bamusaba.

1) kwemera ibiganiro bihurikiyemwo bose , vyobera hanze y’igihugu kandi bihagarikiwe n’umuhuza mvamakungu
2) kwemera ko inteko mvamakungu zocungera abarundi , zokwinjira mu gihugu c’u Burundi .