Ngagara : Babiri bafashwe bagirizwa gerenade yatewe mu Kamenge

0

Nk’igihe c’isaha zibiri z’agatondo ko kuri uwu wa gatatu, niho gerenade imwe yaterwa mu Kamenge kuri Gare du Nord. Amakuru atangwa na bamwe mu banyagihugu bakorera hafi y’ahatewe iyo gerenade, avuga ko yahitanye abantu babiri hamwe n’abandi bane bakoretse, amakuru atemezwa n’igiporisi c’Uburundi kivuga ko hakomeretse gusa abantu bane, ata witavye Imana.

N’aho mu giporisi c’Uburundi ataco babivuzeko, umwe mubahoze ari abamenyeshamakuru ba RPA ubu akaba ari umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu nama nshingamateka y’Uburundi, Florine Mukeshimana, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Fcebook, yamenyesheje ko iyo gerenade yatewe ariwe irondera, ariko ko Imana yakinze ataco yabaye, ahubwo ko abo bari kumwe aribo bakomeretse.

Abaporisi baciye bashika muri ico kibanza ari benshi, batangura guhagarika abo biketse, cane cane abari muri karitiye ya gatandatu mu Ngagara, ahegereye ahatewe iyo gerenade. Mu giporisi c’Uburundi baciye bamenyesha ko bafashe abantu babiri bagirizwa ko aribo bateye iyo gerenade.

boh

Igipolisi c’Uburundi kikavuga ko uwateye iyo grenade yariko agenda n’amaguru, arayitera, mu nyuma aca ahungira muri karitiye ya 6 yo muri zone Ngagara, iri muri komine Ntahangwa.
Abantu babandanya gusiga ubuzima, abandi bagakomerekera mu bitero vya gerenade, mu gihe umushikiranganji w’umutekano, Commissaire de police Chef, Alain Guillaume BUNYONI yagabishije abatera ayo magerenade ko ingingo zikomeye zamaze gufatwa.