Mwaro : Abantu batatu baguye mu bitero

0

Abantu batatu baguye mu bitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho kuri uwu wa gatandatu hamwe no ku w’Imana mu ntara ya Mwaro, muri komine Rusaka.

Mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, uwishwe ni Calixte MANIRAMBONA, umudandaza yagandaguwe n’abantu bamusanze ku rugo iwe, bakaba bagiye bivye amaterefone ngendanwa hamwe n’amafaranga atramenyekana igitigiri, nk’uko bimenyeshwa na Musitanteri wa Komine Rusaka. Uwo arongoye iyo Komine amenyesha ko amatohoza abandanya kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.

Abandi bishwe kuri uwu wa gatandatu ni abigisha babiri biciwe muri Komine Ndava, mu ntara ya Mwaro nyene, bakaba bavuye kwivuna akanyota, bagategerewe n’abantu bitwaje inkoho baciye babica. Bompi bahora bigisha kw’ishure ryisumbuye rya Komine Ndava.

Abo bitwaje ibirwanisho bagiye babivye amaterefone ngendanwa yabo, hamwe n’amafaranga bari bafise.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Mwaro basaba abanyagihugu gukorana n’abajejwe umutekano, hamwe no kwirarira, baze baradoma urutoke ku bantu biketse.