Friday, October 7, 2022
HomeNewsGretta Kwizera asaba ko bomwizera bakamutora mw'ihiganwa Miss Burundi

Gretta Kwizera asaba ko bomwizera bakamutora mw’ihiganwa Miss Burundi

Gretta Kwizera yavutse mu mwaka w’1994 arasaba abarundi bose ko bomutora kugira abandanye mu mahiganwa ya Miss Burundi ariko araba, aho Gretta yizeye ko hamwe abarundi bomwizigira bakamutora ntacobuza ko atahukana ihiganwa rya Miss Burundi
Gretta Kwizera

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews kuri uno munsi,Gretta Kwizera tukaba twamubajije igituma yagiye muri iryo higanwa rya Miss Burundi,Gretta akaba yatwishuye ati:
Kuba narahigiye mw’ihiganwa nuko yari indoto yanje yo kuzoja muri iryo higanwa umunsi umwe,ubu rero nabonye ko hageze ko norijamwo nanje nkahiganwa n’abandi kugira ndabe ko nshobora kuritahukana,
Tumubajije ico asaba muri kino gihe,Gretta ati:ico nsaba ntakindi nuko abarundi bose bonyizera bakantora nkaguma mbandanya kugira nzoshobore gutahukana iryo higanwa,Gretta akaba yabandanije avuga ko kugira bamwizere bamuhe amajwi,
Abipfuza kumutora ngo boja ku rubuga ngurukanabumenyi rwa facebook bakandika Miss Burundi 2016-2017 maze bakabereka uko bomutora uyo mwigeme canke bakaja ku rubuga rwa Instagram rwa Miss Burundi naho nyene bashobora kumutora vyoroshe
miss burundi

Tworangiza tubamenyesha ko Gretta Kwizera asanzwe ari umunyeshure wo kw’ishure ry’ibiyaga binini(Lycee Du lac) mu mwaka w’icumi na gatatu

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....